Kubwa Meddy ngo ntiyiteze kuzosaba imbabazi umuryango wa Canco Hamisi (Inkuru yose)

#Amakuru #Technology #Business #Entertainment

by Niwewe 2019-08-24 02:44:28 @niwewe.com 8056

Ngabo Medard asanzwe ari umuririmvyi mugihugu kibanyi c'urwanda avuga ko atiteguriye namba gusaba imbabazi umuryango wa nyakwigendera canco amissi. 

Mu gihe y'asa n'uwukoresheje indirimbo nta cica nkirungu ya nyakwigendera Canco Hamisi igihe yateramisha muri Golden hôtel i nyamata mu gihugu c'urwanda 

Inyuma y'uko y'umuririmvyi w'intararibonye mu muziki ndundi Cedrick Bangy asanzwe arongoye ishirahamwe Amical Des "Musiciens Du Burundi Pour Le Changement " yabonetse Kurubuga Facebook  rwiwe yiyamiriza iyo nyifato nako yogusubiramwo indirimbo z'abandi bakazicisha amahera ko Meddy atari akwiye kurenga amategeko agenga umuziki kw'isi kandi adasavye imbabazi azokwitwarirwa.  Ibintu Meddy ahakana ko atobikora .

Umuhisi Canco Hamisi 

Mu kiganiro Cedrick Banguy yakoreye kuri Radio Isango Star i Kigali mu Rwanda yemeje ko Meddy yakoze amakosa na rirya yabikoreye mu giteramo abantu barishe amafaranga 

Bangy yavuze ati "Twabonye umuririmvyi Meddy yasubiyemwo indirimbo y'umukurambere wacu Nyakwigendera Canco Hamisi indirimbo Ntacica Nkirungu. Meddy yoba yabikoze abizi ko yagize nabi canke yoba yabikoze atazi amategeko  ? "


Cedrick bangy 


Yabandanije ati "Meddy aba i burayi arazi amategeko agenga ugukingira ibikorwa n'ibihingurwa vy'abantu arazi uko bihanirwa ariko vyatangaje kubona Meddy asubiramwo indirimbo y'umuhisi Canco Hamisi arazi ko iyaba muri Studio, karaoke, ibiteramo bisabirwa uburenganzira atakiriho ukabisaba umuryango Nico gituma tugiye kubitwarira Meddy n'abayobora ibikorwa vyiwe haba mu Rwanda canke mu Burundi  ibi bihugu vyose biri mu muryango wa afrika y'ubuseruko kandi amategeko tugendera twese n'amwe .ubu tukaba Turiko turavugana n'umuryango wa Canco Hamisi kubijanye n'iki kibazo ngo baduhe uburenganzira bwokwitwara Ku buryo n'aho batobuduha twobikora hamwe Meddy atosaba imbabazi .akavuga n'icabitumye "


Umuririmvyi Meddy ngabo 


Mu kiganiro umuririmvyi Meddy Ngabo we yakoreye mu kiganiro Sunday Night Ku munsi wa Mungu  uheze yavuze ko ivyo yakoze atakosa ririmwo nta n'impamvu yokubisabira imbabazi. 

Ati «Kuririmba indirimbo ntivyotuma banjana mu rukiko Kuko nabikoze mu nzira yoguha icubahiro uyu muririmvyi Ikindi naco Kirya nticari igiteramo ca Canco Hamisi nabikoze kubera ko ari umuririmvyi nkunda cane bidasanzWe yashoboye kunyubaka "

Ati kuba yarakoze igiteramo abantu Bakariha, ntagire  amahera ntaheko  umuryango wa Ncanco Hamisi ntakosa ririmwo. 

Ati "abantu ntibaje kuraba Canco Hamisi canke umuryango wiwe Kuko igiteramo nticari Ica Canco Hamisi n'umuryango wiwe impamvu nobonana n'umuryango wiwe ni ukubera nkunda cane Canco Hamisi hamwe n'ibikorwa vyiwe ivyo Kuja gusaba imbabazi ngo kubera naririmvye indirimbo yiwe ntibirimwo  "










VIDEO

Sponsored Content

Tip! #RW

Anitha NZOMUKUNDA and we others @ MadeInBurundi.biz offering Web Hosting, VPS, Domain Name, Premium SEO, link building, web development and AdWords.  Learn more about our services .

Ibitekerezo



Tanga Ibitekerezo

AMAZINA
E-MAIL
ANDIKA ICYO UTEKEREZA KURI IYI NKURU

ADVERTS




ADVERTS







Wangu
by Natacha ft Sheebah
Gerageza
by Natacha
Wale Wale
by Swagg Team +257
Me wife
by Mt number one ft. Masterland

ADS
Submit your post
Share your story, share your art, inspire people!
Charlie Murphy Made His Own Name Thanks to Epic Prince & Rick James Stories on 'Chappelle's Show'
It's never easy to live in the shadow of your little brother -- especially if you choose the same profession as his and he happens to be one of the most lauded stand-up comedians in history, not to mention a superstar film actor. But Charlie Murphy -- who died at age 57 on Wednesday (April 12) following a battle with leukemia -- found a way to blaze his own path in comedy, one that was distinctly different from that of his brother, legendary comedian Eddie Murphy.
POPULAR NEWS


FACEBOOK

TWITTER


LIVE



Kwamamaza