Kubwa Yvan Music ngo urucira mukaso rugahitana nyoko,amwe mumajambo akomeye yagaragaje.
#Amakuru #Technology #Business #Entertainment
by Did-man Promoter 2019-02-18 20:17:49 @niwewe.com 585
Inyuma yo gushika murico gihugu c’urwanda akaba yarashoboye kwakirwa n’abamenyeshamakuru batandukanye aho hari ikiganiro yashoboye gukora n’umu menyeshamakuru yitwa Phill Peter,ikiganiro catumye havurwa amajambo ko Yvan Muziki yihakanye igihugu ciwe arico uburundi biciye murico kiganiro nyene, Yvan muziki akaba yarashoboye kuvuga ko ari umunyarwanda kimwe muvyababaje abatari bake harimwo n’abamenyeshamakuru babarundi; Yvan muziki akaba yarasiguye ivyerekeye ico kiganiro aho yavuze ko atigeze yihakana igihugu aho yavuze ko afise amaraso kandi y’uburundi mugihe avuga ko se wiwe ari umurundi nyina akaba umunyarwandakazi ariko ko adashobora gutorana nyina ategerezwa gutorana se.
Kumusi wejo akaba yarashoboye gushira kumugaragaro aka video yaherekeje amajambo adasanzwe aho yavuze ko urucira mukaso rugahitana nyoko ngo kuko abamwagirije ko yihajkanye uburundi bafise intumbero yo kumwankanisha n’abakunzi biwe,akaba yanatanzwe akarorero kindirimbo yaririmvye yerekana ko akunda uburundi iyo nayo ikaba ari indirimbo yise nd’umurundikazi.


Tip! #RW
Anitha NZOMUKUNDA and we others @ MadeInBurundi.biz offering Web Hosting, VPS, Domain Name, Premium SEO, link building, web development and AdWords.
Learn more about our services .