Ugusohorerwa indirimbo mumpisho bibandanya kwibonekeza nkuko vyaraye bishikiye Rally Joe
#Amakuru #Technology #Business #Entertainment
by Did-man Promoter 2019-12-12 03:22:47 @niwewe.com 846
Inyuma yaho hagiye harumvikana abaririmvyi batandukanye bidoga bongera bagaragaza akababaro kadasanzwe bivuye kugusohorerwa indirimbo n’abatabifitiye uruhusha nacecane ivyo bikaba vyabonetse mubaririmvyi bari muma management.
Inyuma yo kuboneka ibintu nkivyo kumuririmvyi B-Face kundirimbo yiwe “Impamvu” yasohowe atabizi aho uwo muririmvyi nyene yashoboye kuvuga ko iyo ndirimbo yasohowe na management yiwe ari Treibeka Music Group iyo nayo bakaba bavanye mumisi hakomeza kuvurwa ibitari bike bavuga ko uwo muririmvyi ashobora kuba yaramazimisi atumvikana niyo management.
Ibintu nkivyo bikaba vyaheruka gushikira umuririmvyi Sat-B kundirimbo Girl Friend nawe avuga ko iyo ndirimbo yasohowe atabizi nawe akemeza kandi ko yasohowe na management yiwe ya Light Entertainment Iyo nayo bakaba bari baravanye imbere yo gushikirwa niyo ngorane yo gusohorerwa indirimbo atabizi.
Rally Joe nawe ivyo bikaba biheruka kumushikira aho haheruka kuboneka amasanamu yindirimbo nshasha “Ntawogusubirira” indirimbo ikomeza kuvurwako vyinshi nkuko nawe avuga ko iyo ndirimbo yasohowe atabizi aho nimugihe iyo ndirimbo tuyisanga kuri Youtbe ya TMG nyene indirimbo ikaba ikomeza gukundwa mugihe Rally Joe avuga ko yari yiteze gusohora indirimbo nshasha aho nimugihe kandi avuga ko yigeze kuyibasaba barayimwima.


Tip! #RW
Anitha NZOMUKUNDA and we others @ MadeInBurundi.biz offering Web Hosting, VPS, Domain Name, Premium SEO, link building, web development and AdWords.
Learn more about our services .